Tuesday, October 13, 2020

Ukwitunganirizimigambi_"Uburyo bukuru indwi ushobora kuronkamwo amafaranga"

 Uburyo bukuru indwi ushobora kuronkamwo amafaranga












Vyegeranijwe bishirwa mu Kirundi  na Juste Picasso, 2020

1) Akazi ukora kaminsi yose:

Amafaranga uronka buri munsi cnk buri kwezi atuma ubaho bivany nivyo ukora. 

Akarorero: ukwigisha, ukuvura, ukurima, ukworora, ukwubaka, ubufundi, ugucungera umutekano, ukunyonga ikinga cnk imoto, ugucuruza, ugukora mubiro bakaguhemba, etc.

2) Ivyo uzi gukora:

Amafaranga uronka avuye muvyo uzi gukora, ivyo uba waramenye kubera ivyo wize cnk waciyemwo ( experience) ugaheza ukabihemberwa. 

Akarorero: abahinga bashikiriza ivyigwa bakanabihemberwa ( consultancy) , abatanga cours du soir bagahembwa, abigisha Imyuga itandukanye nko gukora amatara, amamodoka, kwigisha ordinateur, abigisha kwihangira imirimo, etc.


3) Ivyo abantu bakeneye vyankenerwa :

Amafaranga uronka avuye mukudandaza ivyo abantu bakenera vyibanze mubuzima bwabo bwaminsi yose . 

Akarorero: imfungurwa, inzoga, amazi meza, impuzu, ibirato , kwiyunguruza, ubumenyi bwokwishure, amagara y’abantu, inzu( kwubaka amazu) , gutumatumanako amakuru ( communication) etc . 

Umuntu ashiz amahera murivyo ndondaguye azoguma aronka amafaranga kuko abantu bazoguma babikenera gushika isi iheze! 

4) Ingorane z’abantu

Iyo hariho ingorane mubantu cnk ahantu, burya haba harimwo amafaranga uciye ubwenge uramenya ukuntu ukuramwo amafaranga. 

Uturorero: imodoka, imoto, amatara apfuye,umufundi aca aronka akazi kamuha amafaranga, haduts ingwara abaganga baca baronka amafaranga nimiti igasohoka, corona iteye mwisi abakora amasabune, amazi , imiti, n’udupfukamunwa baca baronka amafaranga menshi, mugihe abandi barira ko bahomvye abandi baba bariko baratamba kuko bungutse umurengera. 

5)  kwisamaza/impano:

Ivyo ukora nko kwisamaza , raba ubikuremwo amafaranga cnk ivyo ukora nkimpano zawe urashobora kubikuramw amafaranga, hariho abazi gucapa, kuririmba, kugira sport , kujisha, gusoma no kwandika banyarutsa, kwubaka, gukina umupira, etc. ivyo vyose urashobora kubikuramw amafaranga yo gutunga ubikoresheje neza. Ariko ngaha nukurondera uwo uhanuza abikora kandi yabironsemw amafaranga menshi! 

Ntarwitwazo ufise rwo kuvuga ko atamahera ufise kandi ufise impano . 

Ufise impano ntuyikoreshe mukwiteza imbere cnk ngo uteze imbere aho ubaye, uba ukoz amakosa, mbere unacumuye. 

Soma bibiliya: Matayo 25:14-30


6) Amasemineri , ihayanishwa canke imbuga hwaniro ( whatsap, Facebook, Instagram ):


Aho hose uciye ubwenge urashobora gukuramw amafaranga, kuko nahantu hahurira abantu benshi bigishanya , cnk bafise amafaranga , cnk bafise ivyo bakeneye, ubikoze woronka amafaranga. 


Akarorero: Ugiye mwihanishwa ugasanga hariho abantu badandaza ubuki bariko bidoga ko badafise aho babugurira, uca urondera isoko ugaca uja kwegeka ibitiba cnk imizinga yinzuki! 

Ugiye ahantu bidoga ko babura ivyamwa vyo gukora imitobe: ama jus, naw uca wegeranya abarimyi bivyo vyamwa cnk ukabirima ukaronka inyungu. 

Kirazira ko uguma widoga ko wabuze isoko kandi kariho nababuze ivyo basuma! 

Uri kur Facebook, raba ama pages yabadandaza cnk abarimyi afise ico yokwigisha kirimwo ubumenyi cnk amafaranga, ayagusamaza cnk ayibiterasoni uyavemw hakiri kari . 


7) Ibikoresho vyatawe cnk vyakoreshejw cnk bitarakoreshwa: 

Aha twovuga nkubuTare, ibumba ( amatafari, amategura, amasahani meza, amacupa ya plastique, amapine yaheze ( Gukoramwo ibisharizo, ibirato, intebe) , iyarara( gukoramw umwavu, umuyagankuba) 


Aha twovuga ko ivyo duta birimwo amafaranga bikenerwa ko urondera isoko! 

By Juste Picasso Nduwayo 14-10-2020



1 comment: